Ama stations 3 y'i Bujumbura biboneka ko atanga igitoro kidakwiye yahagaritswe n'ikigo BBN

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 25 พ.ค. 2023
  • #Burundi Ama station atatu yo mu gisagara ca #Bujumbura biboneka ko atanga igitoro kidakwiye yahagaritswe n'ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge #BBN. Ayo nayo akoba ari BAZF yo muri quartier industriel mu Ngagara ,DELTA yo muri quartier y'umunani mu Ngagara nyene hamwe na Prestige yo mu Kinindo impande y'isoko. Umuyobozi w'ikigo BBN akamenyesha ko ari mu ntumbero yo gukingira abaguzi, kandi ko ayo ma station azohagarikwa mu kiringo kiri hagati y'amezi atatu n'amezi 6 bivanye n'urugero yariko mu gutanga igitoro kidakwiye. Aho uherereye, hari aho ingeso nkiyo yoba yibonekeza ?

ความคิดเห็น • 3

  • @AbdulSalim-wu8wo
    @AbdulSalim-wu8wo ปีที่แล้ว

    Saho gusa😭😭😭😭nibibe nokuzindi station mugendura imwimwe kuyindi atakwicara

  • @medissonmaslownemse2373
    @medissonmaslownemse2373 ปีที่แล้ว

    Mubahashe pe

  • @mdmn8160
    @mdmn8160 ปีที่แล้ว

    Ziracariho nyinshi murabandanya mubahashe