Dj Philbyte - Ibidakenewe (Official Audio)

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 6 ก.พ. 2025
  • Chorus/Ni kuki duha umwanya ibidakenewe
    Ivyihutirwa tukabigira ivyejo
    Igihugu ni twese jewe na wewe
    Ntaco bimaze ivyo gutegana imitego
    Umwe wese ata amakosa kubandi
    Ariko siko vyari bikwiye kumera
    Nta gihugu cahezagiwe nk’uburundi
    Ni kuki twese umengo ntavyo tubona? (x2)
    Verse 1/Ndavyuka mugatondo nkumva abariko bidoga
    Ko baraye inzara abandi baraye mu nzoga
    Ivy’ubu biragoye nkibaza ivyejo hazoza
    Mugihe tugitegereje kw’imishahara iduzwa
    Pree chorus/Batubwiye tuze twige nitwaronka diplome igihugu kizoduha akazi
    Harabo dusumvya ishuri bafise akazi natwe tudandaza amandazi
    Ntako tutagira mumigambi yacu turiyungunganya tukabura iyo mitahe
    Twese ntitwoja kurima canke ngo tworore duhiga izindi nzira zo kuronka ayo malare
    Verse 2/Ikidakenewe nukwikunda kwa bamwe
    Batunze vyinshi abandi bishwe n’ubukene.
    Mbega ninde yatubeshe ngo twankane
    Ko mperuka twese turi bene mugabo umwe.
    Hatabuze igitoro habura umuyaga nkuba
    Tugacana ama bougies tukanywa amazi bugaca
    Bimaze kuba too much ni ngombwa ko tuvuga
    Kuvuga ingwara ugwaye niyo nzira yo gukira
    Pree chorus/Batubwiye tuze twige nitwaronka diplome igihugu kizoduha akazi
    Harabo dusumvya ishuri bafise akazi natwe tudandaza amandazi
    Ntako tutagira mumigambi yacu turiyungunganya tukabura iyo mitahe
    Twese ntitwoja kurima canke ngo tworore duhiga izindi nzira zo kuronka ayo malare
    Chorus/Ni kuki duha umwanya ibidakenewe
    Ivyihutirwa tukabigira ivyejo
    Igihugu ni twese jewe na wewe
    Ntaco bimaze ivyo gutegana imitego
    Umwe wese ata amakosa kubandi
    Ariko siko vyari bikwiye kumera
    Nta gihugu cahezagiwe nk’uburundi
    Ni kuki twese umengo ntavyo tubona? (x2)
    Songwriter:Dj Philbyte
    Production: Kolly the Magic

ความคิดเห็น • 392