Dj Philbyte - Ibidakenewe (Official Audio)
ฝัง
- เผยแพร่เมื่อ 6 ก.พ. 2025
- Chorus/Ni kuki duha umwanya ibidakenewe
Ivyihutirwa tukabigira ivyejo
Igihugu ni twese jewe na wewe
Ntaco bimaze ivyo gutegana imitego
Umwe wese ata amakosa kubandi
Ariko siko vyari bikwiye kumera
Nta gihugu cahezagiwe nk’uburundi
Ni kuki twese umengo ntavyo tubona? (x2)
Verse 1/Ndavyuka mugatondo nkumva abariko bidoga
Ko baraye inzara abandi baraye mu nzoga
Ivy’ubu biragoye nkibaza ivyejo hazoza
Mugihe tugitegereje kw’imishahara iduzwa
Pree chorus/Batubwiye tuze twige nitwaronka diplome igihugu kizoduha akazi
Harabo dusumvya ishuri bafise akazi natwe tudandaza amandazi
Ntako tutagira mumigambi yacu turiyungunganya tukabura iyo mitahe
Twese ntitwoja kurima canke ngo tworore duhiga izindi nzira zo kuronka ayo malare
Verse 2/Ikidakenewe nukwikunda kwa bamwe
Batunze vyinshi abandi bishwe n’ubukene.
Mbega ninde yatubeshe ngo twankane
Ko mperuka twese turi bene mugabo umwe.
Hatabuze igitoro habura umuyaga nkuba
Tugacana ama bougies tukanywa amazi bugaca
Bimaze kuba too much ni ngombwa ko tuvuga
Kuvuga ingwara ugwaye niyo nzira yo gukira
Pree chorus/Batubwiye tuze twige nitwaronka diplome igihugu kizoduha akazi
Harabo dusumvya ishuri bafise akazi natwe tudandaza amandazi
Ntako tutagira mumigambi yacu turiyungunganya tukabura iyo mitahe
Twese ntitwoja kurima canke ngo tworore duhiga izindi nzira zo kuronka ayo malare
Chorus/Ni kuki duha umwanya ibidakenewe
Ivyihutirwa tukabigira ivyejo
Igihugu ni twese jewe na wewe
Ntaco bimaze ivyo gutegana imitego
Umwe wese ata amakosa kubandi
Ariko siko vyari bikwiye kumera
Nta gihugu cahezagiwe nk’uburundi
Ni kuki twese umengo ntavyo tubona? (x2)
Songwriter:Dj Philbyte
Production: Kolly the Magic