#AACB

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 23 ส.ค. 2023
  • Urwego rujejwe ivy'indege n'ibibuga vy'indege mu #Burundi (AACB) rwabateguriye ireresi yerekana ivyo rujejwe ivyo rumaze kurangura n'ivyo rwimirije kurangura. Iyo reresi ikaba yateguwe mu ntumbero yo kumenyekanisha ku benegihugu ndetse n'abanyamahanga. Umuyobozi mukuru w'urwo rwego, Ambassadeur Joël Nkurabagaya yaragize ico ashikiriza ku ngendo mbi y'abakozi bamwe bamwe basegerereza canke bakibisha uruyeri ku ngenzi zikoresha ikibuga c'indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye.
    __________________________________________
    L' Autorité de l'Aviation civile du Burundi AACB a réalisé un documentaire montrant ce que c'est cette institution et ses grandes réalisations. Ce documentaire a pour but de promouvoir l'image, la réputation et le renforcement de sa visibilité envers le public tant National qu'International. Le Directeur Général de l'AACB, Ambassadeur Joël Nkurabagaya s'est exprimé sur la mauvaise habitude de mendicité de vol et rançonnage auprès des voyageurs pour certains travailleurs opérations à l'Aéroport International Melchior Ndadaye.

ความคิดเห็น • 21

  • @jeannkuru2887
    @jeannkuru2887 9 หลายเดือนก่อน +3

    Vraiment! abakozi basegerereza!
    Bafata visa yawe, bahejeje kuraba vyose baca bavuga " none nakanu usigiye?" Birateye isoni! Nta service agukoreye ariko agomba umuhe ivyo atakoreye! Ivyo nivyo bituma bata umwanya!

    • @stansiyomana1239
      @stansiyomana1239 7 หลายเดือนก่อน

      Ivyo nivyo, nanje uwasuzumye passeport yanje muri 2018 imbere y'uko ninjira muri salle d'attente imbere yo gufata indege yambwiye gutyo ngene kandi nabona umengo ni umuntu yiyubashe. VYARANTUNGUYE CANE RWOSE.

  • @MegaAlexison
    @MegaAlexison 8 หลายเดือนก่อน

    Dutanga menshi kweri kabisa ico kibazo mugikemure please please

  • @medineiranzi4824
    @medineiranzi4824 9 หลายเดือนก่อน

    Aho mukorera harubusuma bwinshi, murabe mwikebuke, si non muzosanga iyo aéroport abantu bose bayihevye. 2021 ntashe, chocolat nzaniye abana twaziciyemwo kubiri, igice kimwe gisigara aho kuri aéroport yanyu, umugore yazitwaye nubu ndamuzi. Est ce que abakozi banyu barahembwa mûri État burundais canke nibo bihemba mûri twebwe ?

  • @jeanettenibarore4618
    @jeanettenibarore4618 8 หลายเดือนก่อน

    Ayoyose igihe twakayatangiye, mwayakoresheje natwe tukaronka ikibuga kindege ciza?

  • @jeanettenibarore4618
    @jeanettenibarore4618 8 หลายเดือนก่อน

    Mwikubite agashi kabisa turonke ikibuga kindege .Amahera yinjira kuri airport nimenshi .

  • @joelnzeyimana7791
    @joelnzeyimana7791 9 หลายเดือนก่อน

    Nivyiza cane ariko murabe mutugurire indege, erega nagateka kugihuhugu, nabenegihugu. Muzigamwe

  • @leonardnduwayo238
    @leonardnduwayo238 8 หลายเดือนก่อน

    Munfashe kumva ikirundi ( indege iragwa canke irururuka. (Air plane 🛬

  • @dismasniyo5641
    @dismasniyo5641 9 หลายเดือนก่อน

    Mukureho karya kajagari no gusegerereza kw’abakozi banyu. Kuko uko igihugu gitunganijwe umuntu abibona agishika ku kibuga c’indege. Ivyo abakozi bawe bakorera ku kibuga biteza rubwa igihugu cacu ciza bigatuma ingenzi zitatugendera.

  • @TradeTacticsAcademy92
    @TradeTacticsAcademy92 8 หลายเดือนก่อน

    None adasizemwo ubuswa kuva ikibuga kibaho baguma bagura ibikoresho amahera yose ivyo vyuma bimara umwaka umwe?? iyo yavuga ati ayatozwa tuyanwa agacupa ntiyoba abaye umugabo.

  • @bizimanadia6377
    @bizimanadia6377 9 หลายเดือนก่อน

    Abakozi banyu bagabanye ibiturire

  • @MegaAlexison
    @MegaAlexison 8 หลายเดือนก่อน

    Ubu suma ninoma Jewe ndibuka naringira mfate indege ija berge valyadaba ko hariho urupapuro tlwuzuza umugore arihano aranka nkfashampaka ndamuhe amafranga indege igira incige ndamuha imihumbi 30
    Umuzungu yari ruhande yanje bavuze mukirundi ngo igombe imisige uko nukuri kudaseswa

  • @felixniyungeko1284
    @felixniyungeko1284 9 หลายเดือนก่อน

    Bari bakwiye kucagura kuburyo kiba Ishusho yigihugu Kuburyo umuntu ahageze abonako hameze neza

  • @mdmn8160
    @mdmn8160 9 หลายเดือนก่อน

    Ko mubigira ivya hatari. Na drone? N'inyoni muzohava muzisaba ziyandikishe imbere yo kuguruka

    • @brightonbrighton8671
      @brightonbrighton8671 9 หลายเดือนก่อน

      Uzogende rwanda ukoreshe drone utamenyesheje abajejwe umutekano ubabwireko ari inyoni

  • @medineiranzi4824
    @medineiranzi4824 9 หลายเดือนก่อน

    Abakozi banyu bariko bariba, bafata ingenzi nabi duce tububaha ?

  • @jdni9684
    @jdni9684 9 หลายเดือนก่อน

    NImwubake ikindi kibuga c'indege kizweho muri capitale politique! Igihugu gifise ikibuga c'indege kimwe gusa, si ibara!!

    • @sese667
      @sese667 9 หลายเดือนก่อน

      Mbega ko murinda muvuga ikibuga c'indege, ubona hari indege y'Uburundi, iriko ibimemenyetso vy'Uburundi dufise ? Iy'ingendo zisanzwe (avion commercial) n'iyirerura Umukuru w'Iguhugu (avion présidentiel) ? Jewe mvuga nti : ntajana ryanka murindi, ariko birateye isoni canee kubona Umukuru w'Iguhugu adafise indege imurerura iriko ibimemenyetso vy'Uburundi, n'akumiro !
      Kurya twubatse stade, twoterera kugira hagurwe indege y'Uburundi irerura cane cane Umukuru w'Igihugu, ariko n'uwundi mutegetsi wese ajanye murugendo na Perezida. Kera hose, Uburundi bwari bufise indege zibiri : iy'irerura Umukuru w'Igihugu (avion présidentiel) n'iyindi y'ingendo zisanzwe (Air Burundi), imwe ipfuye Perezida yagendera muyindi, ariko iyo ahisemo yose yaba iriko amabara y'Ibendera ry'Uburundi ...
      Murico kiganiro cose, berekanye indege z'abandi ariko narondeye rwacu ndabura... n'ukuri ico kintu Guverinoma igikorereko, birateye isoni, kubona muri EAC, mu 2023, Uburundi arico gihugu conyene kidafise indege irerura Umukuru w'Iguhugu.

  • @boashamah3642
    @boashamah3642 9 หลายเดือนก่อน

    Bocubaka gute beshi buzuye uburyarya

    • @sese667
      @sese667 9 หลายเดือนก่อน

      Mbega ko murinda muvuga ikibuga c'indege, ubona hari indege y'Uburundi, iriko ibimemenyetso vy'Uburundi dufise ? Iy'ingendo zisanzwe (avion commercial) n'iyirerura Umukuru w'Iguhugu (avion présidentiel) ? Jewe mvuga nti : ntajana ryanka murindi, ariko birateye isoni canee kubona Umukuru w'Iguhugu adafise indege imurerura iriko ibimemenyetso vy'Uburundi, n'akumiro !
      Kurya twubatse stade, twoterera kugira hagurwe indege y'Uburundi irerura cane cane Umukuru w'Igihugu, ariko n'uwundi mutegetsi wese ajanye murugendo na Perezida. Kera hose, Uburundi bwari bufise indege zibiri : iy'irerura Umukuru w'Igihugu (avion présidentiel) n'iyindi y'ingendo zisanzwe (Air Burundi), imwe ipfuye Perezida yagendera muyindi, ariko iyo ahisemo yose yaba iriko amabara y'Ibendera ry'Uburundi ...
      Murico kiganiro cose, berekanye indege z'abandi ariko narondeye rwacu ndabura... n'ukuri ico kintu Guverinoma igikorereko, birateye isoni, kubona muri EAC, mu 2023, Uburundi arico gihugu conyene kidafise indege irerura Umukuru w'Iguhugu...

  • @felixniyungeko1284
    @felixniyungeko1284 9 หลายเดือนก่อน

    Duhora twumva bavugako uburundi aribwo bukenye kwisi
    Ikibuga cindege nico bafatirako
    Kuko uhageze usanga ibintu vyishi bitifashe neza wururutse imvura iri kurwa urayabona kabisa