Ihagarikwa ry’ikinyobwa Sapor : Faustin Ndikumana abona ko biva ku bibazo bihanze ikigo BBN

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 13 ต.ค. 2024
  • Igihe cose ikigo BBN kijejwe gusuzuma ubuziranenge bw’ibidandazwa bikorerwa mu gihugu canke biva hanze kitazoba kiraronswa uburyo, ubuhinga buhagije n’abakozi babishoboye kugira kije ku rugero rw’ibindi bigo vyemewe, hazokwama hariho ingorane. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ku rwego rw’igihugu. Ni inyuma y’aho ikigo BBN gifatiye ingingo yo guhagarika ikinyobwa SAPOR. Faustin Ndikumana avuga kandi ko hari aho abategetsi baremera ico kigo mu kugisaba gutanga impusha ku bicuruzwa bidakwije ibisabwa n’amategeko.

ความคิดเห็น •