Rose Twagirayezu (Orchestre National) - Ari mu bikinga, azoza
ฝัง
- เผยแพร่เมื่อ 14 ต.ค. 2024
- ARI MU BIKINGA AZOZA!
Azoza, ari hehe, ari hehe ? (Ari mu Bikinga azoza)
Azoza, n’aze, arakaza,…
Azoza, none ko ataza,…
Azoza, ari kwahira, azoza,…
Azoza, Je sindamuhebura, …
Ari mu Bikinga bikinga amariza
Ari iwabo wa Senge (Ari mu Bikinga azoza)
Azoza, ari hehe, ari hehe ? (Ari mu Bikinga azoza)
Azoza, ari gukubita uburo,…
Azoza, Yogukuyakuya mu nda,…
Azoza, Ngo ari guca ivyo, azoza,…
Azoza, akube igisabo,…
Ari mu Bikinga bikinga amariza
Ari iwabo wa Senge (Ari mu Bikinga azoza)
Azoza, ngo ari hehe, ari hehe? (Ari mu Bikinga, azoza)
Azoza, ngo avumbure uruyange, …
Azoza, ngo akubure inzu y’inka,…
Azoza, ngo asharize uruhimbi,…
Azoza, ngo asharize ibirimba,…
Azoza, noneho ejo azoza,…
Ari mu Bikinga bikinga amariza
Ari iwabo wa Senge (Ari mu Bikinga azoza)
Azoza, ngo ari hehe, ari hehe?
Azoza, ngo ace icarire c’inka,…
Azoza, ngo ansasire ya ndava,…
Azoza, yahire uruyange,…
Azoza, ngo akubite ikizenga,…
Ari mu Bikinga bikinga amariza
Ari iwabo wa Senge (Ari mu Bikinga azoza)
Abarundikazi nibeza n'agahogo keza mundirimbo
Madame Rose IMANA yo mw'ijuru ikomeze ikurinda turagukunda cane
Agahogo k'abarundikazi ba kera,Imana yabaduhay ishimirwe!iyomba nobabonye pe!
akiwacu kararyohera amatwi n.umutima
J'AIME BEAUCOUP CES CHANSONS AU STYLE RUNDI
c,est tres genial avec ces anciens succes burundais
Nshirirako imwe yitwa" kamaliza we kamaliza nkunda ingo ndaguhaye
Ng'iyo yaririmbwe n'umunyarwandakazi yabaye mu Burundi yitwa Annonciata Mutamuriza. Yamara ntakiri ho! th-cam.com/video/wETQ-tKNsI4/w-d-xo.html
@@MrPhronesiswisdomful urumva nawe nibyo wumvise ntubizi neza ko ari umunyarwndakazi
C'est une tres belle chasson 😘
Indirimbo yakanovera mu kirundi nyaco
Superbe tune
I appreciate such songs