Basubiranyemwo

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 28 ก.ย. 2024
  • Nyakanga 2022 : Prezida Ndayishimiye yemeje ko akarwi kakorana n'umushikiranganji wa mbere, Général Alain Guillaume Bunyoni, ariko katembeje igihugu, mu kunyegeza amafaranga y'amarundi be n'amafaranga mvamakungu. Prezida Ndayishimiye yemeje kandi ko amashirahamwe akorana na Bunyoni ariyo yatumye igitoro kibura mu Burundi. Ico gihe Prezida Ndayishimiye yavuze ko yifatiye mu ntoke igitoro kandi ko kitazosubira kubura. Prezida Ndayishimiye yashinze ishirahamwe Regideso kurangura ibitoro, Regideso ikorana n'ishirahamwe Prestige rivugwa ko ryegukira Angelina Ndayishimiye. Prestige yasigaye iyora amafaranga mvamakungu muri BRB uko yishakiye, none ibintu aho gutora umutora vyarunyutse !
    24.4.2024 : Gervais Ndirakobuca we ikibazo yagishize kuri Prezida Nkurunziza. Gervais Ndirakobuca yemeza ko ibura ry'amafaranga mvamakungu ari ingaruka mbi z'ibihano Uburundi bwafatiwe muri 2015. Ivyo bihano vyafashwe kubera amabi ubutegetsi bwa Nkurunziza bwakoreye abiyamirije ikiringo ca gatatu. Iyi nyishu ya Ndirakobuca yaraye itangaje benshi.
    🔴 Umuti uzoca hehe ?
    Hageze gutanga umuti, inyishu z'abategetsi zica ziyobera Abarundi.
    Inyishu ya Prezida Ndayishimiye yarasenzwe. Kwifatira mu ntoke igitoro, kugishinga Regideso, kugiha Prestige y'umukenyezi wiwe, gushiraho ishirahamwe rishasha rijejwe igitoro, vyose nta nyishu vyazanye.
    Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Reveriyano Ndikuriyo, we abona umuti mu matoni y'amavoka azoshorwa hanze mu myaka itanu iri imbere !
    Gervais Ndirakobuca yari yaje azi ko ikibazo c'igitoro azoca acitwararika kigatora umuti. Niko gutangara asanze ijambo riri kwa Angelina Ndayishimiye. Ndirakobuca aca aranuma. Ubu naho avuga ko inyishu izoca mu gusubira gutera ikawa hanyuma igashorwa hanze. Aho hoba ari ryari rero ?
    🔴 Kwubahuka guhangana n'ikibazo
    Gervais Ndirakobuca yaravuze ukuri gukomeye ko ingorane zose zavuye ku kiringo ca gatatu ca Nkurunziza cakweze ibihano. Aho bigorera Ndirakobuca nuko atavuga ko n'umuti uzoca ubwambere mu guheza indyane zose zatewe n'ikiringo ca gatatu, maze ibihano bigahera neza. Kwicarana n'abarundi bahunze, gutunganya ikiganiro c'ukuri hagati y'abashamiranye kuva muri 2015, guhagarika kwica-kunyuruza-gupfunga abiyamirije ikiringo ca gatatu, gusubizaho société civile yigenga n'ubwigenge bw'abamenyeshamakuru, gutahukana impunzi, gutunganya amatora meza, biri mu bintu vyohindura ibintu vyinshi mu Burundi.
    🔴 Inyishu za Ndirakobuca na Ndikuriyo zimeze nk'umuntu yobona umurwayi wa malaria atanguye kuvuga ibitaroranye bakaca bihutira kurondera umuganga w'ingwara zo mu mutwe, aho kuja kuzana umuti wa malaria ! Icateye ibihano kirazwi, niharonderwe umuti wa politike ujanye n'indyane za politike ziriko zirahamba Uburundi mu bisata vyose.
    #Amakuru_yurugendo_news
    #Updats_zurugendo_news
    #Interviews_zurugendo_news
    Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
    Amakuru ya RPA yihuta
    Amakuru ya Haguruka yihuta
    Amakuru yinzamba yihuta
    Amakuru ya Peace FM yihuta
    Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

ความคิดเห็น • 33

  • @ReemAl-Qahtani-se6bl
    @ReemAl-Qahtani-se6bl 4 หลายเดือนก่อน +2

    Yoooo agapiripiri karambavye peee😅😅😅😅

  • @AghHh-v3f
    @AghHh-v3f 5 หลายเดือนก่อน +5

    Ntabinyoma nukuri reka bamarane iyonintango basubwa na president wa Tazania Kandi aru mudam 😮😮😮

  • @HamufariMpawose
    @HamufariMpawose 5 หลายเดือนก่อน +2

    Aba dd nikubirukaho mpaka,igihugu gisigay kinuk kuber intwaro zabo mbi

  • @Nij-boyBurundi-gb6do
    @Nij-boyBurundi-gb6do 4 หลายเดือนก่อน

    Je icombona ikitaya cimbo baracononye uti gut ubu ko imbo hariho aho barima ipampa ikiwa imiceri nibindi none ko baharembej bahubaka ayo mavoka bazotaterahe burya kaxoza bariko bategurira umwana wigihugu nikihe nibazitire hakiri kare hama abarimyi bagire ijambo sha ningorane

  • @MuzanezaSpes
    @MuzanezaSpes 4 หลายเดือนก่อน

    Reka kumugereranya na Samia sururu .urya n'umu Dame aciye ubwenge gose gose.

  • @JeanneMpawenimana-oh7bh
    @JeanneMpawenimana-oh7bh 4 หลายเดือนก่อน

    MPWEMU YERA Araje ngwaho ,maze ihangane Ni IKINYOMA turabe!

  • @Mwavitachantal-w7q
    @Mwavitachantal-w7q 5 หลายเดือนก่อน +1

    Nibimarane ibisambo gusa

  • @Shimz14
    @Shimz14 5 หลายเดือนก่อน

    Aba DD gutwara vyanse kweli, niba bakunda igihugu nibatange imihoho

  • @ComeNDAYIZEYE-tc1np
    @ComeNDAYIZEYE-tc1np 5 หลายเดือนก่อน

    Gabanya ibishobisho, n'ibinyoma...

  • @RichardNkeshimana-hz6ob
    @RichardNkeshimana-hz6ob 5 หลายเดือนก่อน

    Bury nkurunziza nubwo yakoz nabi ariko yarasumb never hab kuvga ntiyahubuk nkanever knd ntagitor caribwabure nibifungurw ntivyaribwazimb kugera ukobimez ubu never niyih ubuki😂😂vyase

  • @fobty2872
    @fobty2872 5 หลายเดือนก่อน

    Oya aho jewe ntiturikumwe. Kwizeza abantu ngo cndd fdd izova kuntwaro biciye mu matora sivyo, ntibishoboka kuva 2010 gushika ubu biba amatora, aya 2025 niyo batazokeiba?
    Agathon rwasa ko bamwivye umugambwe bakawuzimanganya hari inkurikizi urabona?
    Ahubwo vuga ibindi, naho guhindura ubutegetsi mu burundi biciye mu matora ibagire, reka kuyovya abantu

    • @GegeGremaniko-ih1sk
      @GegeGremaniko-ih1sk 4 หลายเดือนก่อน

      🎉😂❤😢😅 haa nihatar kwl 😂🎉😢😮😅

  • @bigirimanajeanclaude5033
    @bigirimanajeanclaude5033 4 หลายเดือนก่อน

    Sha ikawa yacu igugwa 1380f? None nimba igugwa Ayo wumva harico imaze? Woyirima kubera iki KO nibiharage kirundo twirira uretse izo njamakungu bigugwa 3600f? 😃😃😃😃😃😃

  • @SchadrackNdayegamiye-o4w
    @SchadrackNdayegamiye-o4w 4 หลายเดือนก่อน

    Mutama wubahw twetwarumiwe twotwagwa numucomedicie

  • @JeanclaudeNduwayo-i8x
    @JeanclaudeNduwayo-i8x 4 หลายเดือนก่อน

    🙏😀

  • @jacquesntabagara2702
    @jacquesntabagara2702 5 หลายเดือนก่อน +1

    Ikiganiri kiryoshe.kbsa❤

  • @BenjaminNibigira-ck8mc
    @BenjaminNibigira-ck8mc 5 หลายเดือนก่อน +1

    umubumbe wababereye danger

  • @FabriceNiyubuntu-jp1kw
    @FabriceNiyubuntu-jp1kw 5 หลายเดือนก่อน

    Burundi ntandongozi zihari

  • @jhappynesjo8747
    @jhappynesjo8747 5 หลายเดือนก่อน

    Nimana yonyene Gusa , Emwe aba DD bazosiga umugani kabisa! Ariko sibose,hariho aba DD bagifise umutima,nuko nabo bagowe mubandi babuze aho bavugira 😢trop triste kabisaaaa (Hazoba ngo harabaye….

  • @gastonmodestkaziri2566
    @gastonmodestkaziri2566 5 หลายเดือนก่อน

    Hivi nchini Burundi hakuna sheria ya kukomesha wapotoshaji wa habari? Huyu Mtangazaji anaelewa maana ya tasnia ya habari?

  • @ComeNDAYIZEYE-tc1np
    @ComeNDAYIZEYE-tc1np 5 หลายเดือนก่อน

    Shaka winumire ntaciteze guhinduka. Ego umuntu uyu canke uwundi yohinduka, ariko iyi "systeme" ntaho izohinduka ! Mu matora ntibishoboka, no mu nkoho ntibishoboka !!! Reka rero abarundi twipfire, hasigare "ABENEGIHUGU"...

  • @RichardNkeshimana-hz6ob
    @RichardNkeshimana-hz6ob 5 หลายเดือนก่อน

    Wap mugisha ded ifs umugambi mibi knd bos batekerez kumwa ntamugbo arimwo

  • @sisisylvanendayisenga1005
    @sisisylvanendayisenga1005 5 หลายเดือนก่อน

    None ivoksa,ku myaka zerera,tuzorindira zere tubone kuronka igitoro??Ni hatari

  • @BoboHassanBonith-wv9wy
    @BoboHassanBonith-wv9wy 5 หลายเดือนก่อน +2

    1

  • @RichardNkeshimana-hz6ob
    @RichardNkeshimana-hz6ob 5 หลายเดือนก่อน

    Nubu bakihenda barabandany bahohotera abanyagihug bizosubira kk bararush nakarengan ka baded

  • @RichardNkeshimana-hz6ob
    @RichardNkeshimana-hz6ob 5 หลายเดือนก่อน

    Erg niyoyiyugariyeko nn bagomb bimere nez knd bamez nabi rek bakom

  • @ErnestNiyongendako
    @ErnestNiyongendako 5 หลายเดือนก่อน

    Tutize kubana nkabavukana tuzofa nkimburakimazi

  • @boashamah3642
    @boashamah3642 5 หลายเดือนก่อน

    Aba batware bose nimbunuza gusa

  • @RichardNkeshimana-hz6ob
    @RichardNkeshimana-hz6ob 5 หลายเดือนก่อน

    Byikuvye 3,8 cugwiza bigum bidug

  • @festusciza9078
    @festusciza9078 5 หลายเดือนก่อน

    Roxane ijwi ryiwe.

  • @manirampaaugustin8500
    @manirampaaugustin8500 5 หลายเดือนก่อน

    Heeeeeee😅