AKAHISE 1. INTWARI 1. INAMUJANDI AZWI NA PASCAL BARĀNSŌBA WO KU MUYÉBE, KANSENGA, BUGANDA, CIBITOKE

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 30 ก.ย. 2024
  • Ivyo ni ivyavuzwe na Baransoba Pascal avuga ivyerekeye Inamujandi. Uwo Pascal baransoba avuga ko yavutse mu 1911. Uno mwaka w,2022 afise imyaka 111. Naragiye ku muraba mu ci ry'2019. Najanye n'umwubahwa Patiri Conrad Bucumi wo mu Ntara y'ubutumwa gatolika ya Bubanza. ni vyo yaramfashije mugabo hariho na Mama Oda Niyokindi yagize ico amara ngo dushike i Zina kuko ntihoroshe ishika.
    Uwo Mutama Baransoba Pascal azwi twinshi. Arazi mbere n'ingwano y'Abadagi n'Ababiligi. Aho ntiyari bgakure cane mugabo aribuka ibintu bitari bike vyofasha Abarundi tutari bake. Abiga Akahise n'abakigisha nibaza ko mwja kumuraba.
    Ndagukengurukiye wewe usoma n'ibi nanditse na cane cane ukishura.
    Gwira.

ความคิดเห็น • 17

  • @mutabaziceleus3201
    @mutabaziceleus3201 ปีที่แล้ว +1

    Kubonana numutama nkuyu mukayaga umenyavyinshi' sinarinziko #IBUGANDA iwacu dufisumutama azamatekankaya.nkubu ndamenye ivya #INAMUJANDI

  • @emmanuelniyongabo3724
    @emmanuelniyongabo3724 2 ปีที่แล้ว +3

    Jewe Niyongabo Emmanuel mvuka nkongera nkakurira i Bukinanyana ari naho uwo mutama yavukiye kuko mvuka zone Masango nawe avuka zone Ndora; ayo ma zone ahana urubibe. Ndatangaye cane kubona umuntu aba muri Canada amenya umuntu tubana akaba ariwe ambwiye kuwo mutama abaho. Ndatangaye kandi ndumiwe kuko nciye mbona ko abarundi haribintu vyinshi tutitaho kandi vyogira ico bidusigiye muri kahise kacu. murakoze

    • @gabindya13
      @gabindya13  ปีที่แล้ว +4

      Mwubahwa ndaguhaye mwiriwe.
      Jewe navuze ko ndi « Itara ridatuba ridomeka ayandi matara!». Duca umugani mu kirundi duti: « Uwutabizi yicwa n'ukutabimenya». Nta kosa ufise ryo kutamenya Barānsōba Pascal. Na jewe namubgiwe na Patiri Conrd Bucumi kuko ai ko ndondera ivya kahise katavugwa n'abigira ko bize. Ko ubimenye rero ubu, kanagara ugende kumurondera umufate amajwi akubgire ivyo azi. Mugabo ntuze wibagire kumukora mu ntoke kuko murundi aranikuriye. Nta na rimwe umuntu acererwa kuko ikintu gikorwa ku mwanya waco. Urazi umuntu yihanye amanikanye na Kristu Yezu ku musalaba? Hari hasigaye isaha ngo acikane.
      Iciza nshimye ni uko ubivuze kandi ukerekana ko unyotewe ikintu co kumenya. Iyo biba ata na kimwe bikubgiye wari kwumviriza ugaca winumira. Mugabo n'amafoto ndayafise menshi twifatanije. Kandi noneho newe ntanga inkuru yo ku buryo ubajije Patiri Conrad Bucumi na Mama Oda wo mu Babikira b'i Kaburantwa woca umenya ko ivyo mvuga ari ukuri.
      Gwira

  • @patricknduwayezu4158
    @patricknduwayezu4158 ปีที่แล้ว

    Kahise k'uburundi karagoye kuko havurwa vyinshi bikagor kumenya ukuri

  • @stanybigirimana9340
    @stanybigirimana9340 2 ปีที่แล้ว +1

    bwabundi inamujandi yarabayeho!!!

    • @gabindya13
      @gabindya13  ปีที่แล้ว +1

      Ego, ego, egoo yarabaye arakabaho nyene. Hari n'ifoto mfise sinzi ko ari we n'uko ari uwundi bafatirako. Gwira

  • @burundishallsmile1day109
    @burundishallsmile1day109 ปีที่แล้ว

    🙂🙂🎩
    Hari indirimbo ya Reggae nigeze kwumva ahantu mwanditse nsizi uko yitwa ariko Itangura iti ewe mwana mwene Ndikuriyo. Noyironka kuruhe rubuga?spotify canke Mp3 juice?

  • @doctorjuves3304
    @doctorjuves3304 ปีที่แล้ว +1

    Uwo mutama yubahwe cane,afatwe nkitunga rikomeye kugihugu,kuko Hari vyishi cane azi,abamwegereye bamubungabunge,kndi bahore bamuyagisha kugira bamuvomemwo kahise kukuri
    Ndanakengurukiye cane abo bubahwa bamutembereye ,Hama bakadusangiza ivyo bayaze nawe!
    Murakoze

    • @gabindya13
      @gabindya13  ปีที่แล้ว +1

      Mwubahwa, jewe uko nkora ni uku « Akazi umwe kaba impfagusa!». Ivyo nzi ntabivuze nta na kimwe vyomara. nanje numvise uwushobora kutuyagira sinshobora kunuma nabimenye. Kuko ni ko tubgirizwa kubaho. Gwira.

  • @twororeturimekijambere5491
    @twororeturimekijambere5491 ปีที่แล้ว +1

    😍😍😍🇧🇮🙏🏾🙏🏾🙏🏾

    • @gabindya13
      @gabindya13  ปีที่แล้ว +1

      Bgake. Ndagukengurukiye cane rwose kubona wishura inyishu uko iri kwose.

  • @winboy3465
    @winboy3465 ปีที่แล้ว

    Iki Nico kintu twar tubuz muburundi

  • @econieniyomwungere
    @econieniyomwungere ปีที่แล้ว +1

    Urakarama.

    • @gabindya13
      @gabindya13  ปีที่แล้ว +1

      Nawe urakaramba urakagwira uragahora ku ngoma abagukunda barushirize kuvuza ingoma.

  • @GilbertMD
    @GilbertMD ปีที่แล้ว +1

    Urakoze

    • @gabindya13
      @gabindya13  ปีที่แล้ว

      Bgake. Korerwa mugenzi wanje!