Prezida Pierre Buyoya agiye gutahukanwa gushingurwa mu Burundi,Ibisigarira vyiwe bizoshika14/07/2024

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 9 ก.ค. 2024
  • 🔴 Ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya bigiye gutahukanwa mu Burundi kuri uyu w'Imana uza.
    Amakuru yashizwe ahabona uno musi n'urubuga Ikiriho rusanzwe rukorana n'iperereza ry'Uburundi avuga ko ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya bizotahanwa mu Burundi ku wa 14.7.2024 bikuwe i Bamako muri Mali. Ikiriho gisanzwe gitanga amakuru n'ivyiyumviro vyo hafi cane ya Prezida Ndayishimiye.
    Inkuru yaherekejwe n'urutonde rw'ibiteguwe bijanye n'itahukanwa ry'ibisigarira vya Prezida Buyoya. Ku musi w'Imana (14.7.2024), isaha zine z'igitondo, hategenekanijwe imisa yo gusabira Prezida Buyoya muri Cathédrale Sacré Cœur y'i Bamako muri Mali. Inyuma hazokurikira igikorwa co kujana ivyo bisigarira ku kibuga c'indege Modibo Keita c'i Bamako. Ikiriho carangije gitangaza ko Prezida Pierre Buyoya azoshingurwa ku wa 17.7.2024 iwe muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi.
    🔴 Ni ikintu gihambaye ko abatwaye Uburundi bashingurwa mu Burundi.
    Igihugu kireka abakirongoye bagahambwa mu mahanga gifatwa ko hari ico kibuze mu kwiyubaha no mu kwiyubaka. Kenshi biva ku ndyane ico gihugu kiba caraciyemwo. Gutahukana ibisigarira vya Prezida Pierre Buyoya ni ikintu ciza cane ku bijanye n'ishusho y'igihugu no mu nzira yo kunywanisha Abarundi. Umukuru w'igihugu atubahiriza abatwaye imbere yiwe, na canecane nk'abamaze kwitaba Imana, aba akoze ikosa kandi nawe aba yisuzuguje. Uko afata ab'imbere yiwe niko nawe ashobora kuzofatwa atakiri ku butegetsi. Kwemera ko ibisigarira vya Prezida Buyoya bitahukanwa agashinguranwa iteka bizoha iteka Prezida Ndayishimiye vyongere bifashe Abarundi mu rugendo rwo kunywana.
    Kugeza ubu abatwaye Uburundi bapfiriye hanze ntibashingurwe mu Burundi bari babiri: Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge yasandabiye mu Buswisi muri ntwarante 1977 na Prezida Pierre Buyoya yasandabiye mu Bufaransa aca ashingurwa muri Mali muri kigarama 2020.
    Batatu bandi basandabiye hanze baratahanywe. Abo ni Prezida Michel Micombero yasandabiye i Mogadishu muri Somalia ku wa 16.7.1983, Prezida Cyprien Ntaryamira yiciwe mu ndege yakorowe i Kigali mu Rwanda ku wa 06.4.1994 na Prezida Jean-Baptiste Bagaza yasandabiye i Bruxelles mu Bubiligi ku wa 04.5.2016.
    🔴 Prezida Buyoya yavutse mu 1949 muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi. Ni umwe mu basirikare b'Uburundi bize amashure akomeye ya gisirikare mu Bubiligi, mu Bufaransa no mu Budagi. Yarajejwe amabanga atandukanye mu gisirikare, yarabaye mu Nama Nkuru y'umugambwe UPRONA imbere yo kurongora Uburundi incuro zibiri (1987-1993 hanyuma 1996-2003). Ni umwe kandi mu barundi bajejwe amabanga atari make ku rwego mpuzamakungu. Yasandavye aserukira Ubumwe bw'Afrika muri Mali no mu karere ka Sahel. Yahitanywe n'ingwara i Paris mu Bufaransa aho yari agiye kwivuza, ku wa 17.12.2020.#amakuru_atarikwivumbi
    #urugendo_news_amakuru
    #Updats_zurugendo_news
    Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
    Amakuru ya RPA yihuta
    Amakuru ya Haguruka yihuta
    Amakuru yinzamba yihuta
    Amakuru ya Peace FM yihuta
    Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
  • เกม

ความคิดเห็น • 34

  • @user-ri1wp7uy9p
    @user-ri1wp7uy9p 24 วันที่ผ่านมา +2

    Ndabahaye.mwiriwe.nagomba.kubaza.aho.bahavye
    Micombero

  • @user-sh4us1dn6f
    @user-sh4us1dn6f 24 วันที่ผ่านมา +1

    None yishe ndadaye yibaza kwazohoraho

  • @Akagumyebagumako25
    @Akagumyebagumako25 24 วันที่ผ่านมา +1

    Nimba yarapfuye,
    Ahandi bari babujijwe n'iki?

  • @user-wn1tl6nn7r
    @user-wn1tl6nn7r 24 วันที่ผ่านมา +1

    Ashitse kukibuga cindege baze basuzume ko atari truck wosanga agikomeye.

  • @CassienHafashimana
    @CassienHafashimana 20 วันที่ผ่านมา

    Aho nivyiza nashinguranwe iteka nkuwatwaye ogihugu

  • @GaétanNiyikiza
    @GaétanNiyikiza 24 วันที่ผ่านมา

    Leta ntiyanse koBuyoya ahambwa mu Burundi yavuze ko adashobora gushinguranwa iteka na Leta nk'Umukuru w'ogihigu kandi yari yaraciriwe urubanza

  • @user-ti1ol3ti9j
    @user-ti1ol3ti9j 24 วันที่ผ่านมา

    Bazoche batahukana botse.bahabwe iburundi 😢😢😢😢

  • @ErickAbuu-hi2qv
    @ErickAbuu-hi2qv 24 วันที่ผ่านมา

    Baramanza basuzume neza ashitse kukibuga c'indege kk urya ni Mr😂😂😂

  • @user-no6yf8lz1d
    @user-no6yf8lz1d 24 วันที่ผ่านมา

    Vyari bikenewe

  • @AkimanaJeannette-tz1to
    @AkimanaJeannette-tz1to 24 วันที่ผ่านมา

    None bazanye amagufa yeweee 😳😳

  • @JonasNtirenganya-bx6dz
    @JonasNtirenganya-bx6dz 24 วันที่ผ่านมา

    None kutatubwira ivyarwasa ahobigeze

  • @NestoryNdaca
    @NestoryNdaca 22 วันที่ผ่านมา

    Yarikwicwa nkukoyishe ndadaye nizindi nzerakarengane

  • @ndihorashid
    @ndihorashid 24 วันที่ผ่านมา

    ntamu president numwe yatwayuburundi akwiyiteka nka buyoya gistave

  • @user-ei9vo4os6p
    @user-ei9vo4os6p 24 วันที่ผ่านมา

    Aho nibn kuk iyo reta yuburundi itavyemer ntagitoro twosubiy kubon mubundi kuk umuhungu wiw yarafise imyakijan yisoko yokuzanigitor

  • @ComeNDAYIZEYE-tc1np
    @ComeNDAYIZEYE-tc1np 23 วันที่ผ่านมา

    Mugisha we, 1077??? Raba neza ni 1977 si 1077....

  • @JimmyGahungu
    @JimmyGahungu 24 วันที่ผ่านมา

    Ni bamuzane igito gitabwa iwabo

  • @user-xc5fd2ve5r
    @user-xc5fd2ve5r 24 วันที่ผ่านมา

    Ivyobiringo vyose yatwaye yakubita kudeta niwe yishe prezida ndadaye ariko agwanya demokrasi ivyo ntituzovyibagira

  • @marienduwimana665
    @marienduwimana665 23 วันที่ผ่านมา

    Biragoye ko dutera imbere mu gihe urwanko n'inzigo biciganziye imitima y'abarundi.kimwe gusa mugerageze mugire ubuntu kuko izo mvugo muvuga ku muntu yasezeye isi si iteka kuwubishikiriza.ndakeje indongozi z'igihugu kurico gikogwa

  • @IRAMBONADonFerdy
    @IRAMBONADonFerdy 24 วันที่ผ่านมา

    Baze bamushingure hamwe na president NDADAYE, ngirango bizoca bidusigira nicirwa suko!

    • @nyabendasayumwe8514
      @nyabendasayumwe8514 24 วันที่ผ่านมา

      Ariko urasuzuguye Ndadaye vraiment.Umugereranije n'umwicanyi Buyoya? Inva yiwe bayishireko umunyororo

  • @nsavyinganji
    @nsavyinganji 23 วันที่ผ่านมา

    Ahubwo, bakwiye kumushingurana iteka! Umu "president architecte" de l'Unité Nationale? Urubanza na rwo, mu gihe rutari bwacike, boba baramuteye iryo teka. Ni ho vyokumvikana cane!

  • @nyabendasayumwe8514
    @nyabendasayumwe8514 24 วันที่ผ่านมา

    Ikibi si ciza.yavuye mu gihugu akomeye,none atashe aramagufa.Ahubwo Kunva yiwe bazoyishireko umunyororo y'abo yishe.

  • @user-no6yf8lz1d
    @user-no6yf8lz1d 24 วันที่ผ่านมา +1

    Na jewe ndabishimye ,
    Ariko na mwambutsa yotahanwa ,
    Gutyo wosanga indyane hagati y'abarundi ziheze .
    Twikenereye amahoro.

    • @sese667
      @sese667 24 วันที่ผ่านมา

      Mwambutsa ubwiwe, yarisabiye ko atohambwa i Burundi ko yoguma ahambwe muri Suisse, iyo yapfiriye kandi yasize yanditse ikete aho abivuga, rero umuryango wiwe w'amaraso, wavyubahirije uko, ninayo mpamvu adatahanwa i Burundi ...

    • @user-no6yf8lz1d
      @user-no6yf8lz1d 23 วันที่ผ่านมา

      @@sese667 ariko niba mwambutsa yari umurundi yari umwami y'abarundi bose ,
      Ico mbona n'uko intwaro zovyinjiramwo zifatanije n'umuryango wiwe agafubwana iteka Ku gataka k'abo yatwara kuko intwaro dufise Ubu ntaco bapfa .
      Vyiza bomuzana natwe abarundi bose tukamwunamira n'imisi y'igandaro ikabaho hamwa bwa bumwe nyabwo bugatsimbatara .
      Inzego ni zivyigeko ntaco bitwaye .

    • @sese667
      @sese667 23 วันที่ผ่านมา

      @@user-no6yf8lz1d Muri ico gihe ntitwoba twubahirije ivyo yasiye yisabiye wenyene imbere yuko apfa ...
      Kandi Mwambutsa ubwiwe yivugiye ati : “Iryo teka mutampaye nkiriho, ntimuzorimpe narapfuye” kandi yahunze Uburundi inyuma yaho akarwi "k'Abahutu” kari karongowe na Capitaine Serukwavu, kagerageje gutembagaza intwaro ya Mwambutsa no kumugandagura ... mu guhunga yavuze ati “Ko Abahutu banyanse, ndahunze !” ...
      Mbona twokubahariza iryo baruwa rya Mwambutsa nibaza ko hariho impamvu Mwambutsa yisabiye kutahambwa mu Burundi, ubwo Burundi yazigamwo iteka kandi yakunda caaanee bwaramubabaje ajana agahinda ...

  • @user-dr5jo9bi1c
    @user-dr5jo9bi1c 24 วันที่ผ่านมา

    Gutahukana umukoshi!!!!!

  • @nsavyinganji
    @nsavyinganji 23 วันที่ผ่านมา

    Au regard des réactions, je constate que burundais vous êtes embrigadés dans des haines ethniques et cadnassés par le passé obscur. Avec ce genre de comportement, il impossible d'avancer

  • @veroniquekubwayo5169
    @veroniquekubwayo5169 24 วันที่ผ่านมา +1

    yarishe ndadaye nawe aramusanze we ikiza nuko yazikanwe niteka abantu bose babona none ayo magufa aje gutabwa muburundi jembona ntakamaro gafise bacumugani mukirundi ugirikibi kikagusangimbere yishe ndadaye azikowe azumira kwisi imana irasubiza

  • @Akagumyebagumako25
    @Akagumyebagumako25 24 วันที่ผ่านมา +1

    Gusa n'umwami Ndizeye Charles tumubone !

    • @JonasNtirenganya-bx6dz
      @JonasNtirenganya-bx6dz 24 วันที่ผ่านมา

      None kutatubwira ivyarwasa ahobigeze

    • @kanimary5642
      @kanimary5642 24 วันที่ผ่านมา

      Gouverneur Murengera yatwaye i Gitega ntako atagize ngo amurondeze, barimbaguye hose barabura.

  • @LeonardHabonimana-lk4gx
    @LeonardHabonimana-lk4gx 24 วันที่ผ่านมา +1

    Ntakibi yakoze ntamutware abura abamwanka nashingugwe mugihugu ciwe bikunda ashingugwe gamwe na pr ndadaye