Umukuru w’Igihugu yategerezwa kugena leta nshasha (PARCEM)

แชร์
ฝัง
  • เผยแพร่เมื่อ 10 มิ.ย. 2024
  • Igitoro n’amafaranga y’agaciro mu Burundi biri ku rugero rwo hasi cane kandi ibihugu vyose kw’isi ari vyo bigenderako kugira bimenye uko ubutunzi bwavyo bwifashe. Ivyo bisigurwa n’ishirahamwe PARCEM ryasubiye gutera akamo kubera igihugu kiguma kija hasi. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, akaba anegura igiturire kiriko ciha inkumbi, n’ingene leta yiziziye isoko ry’igitoro, kandi yategerezwa kurihebera abigenga. Ku bw’ivyo, abona ko leta ihari uno munsi yategerezwa gutanga imihoho, umukuru w’Igihugu agashinga iyindi nshasha. Ku bwa Faustin Ndikumana, uwo ni wo muti nyamukuru utegerezwa kwisungwa. Hanyuma abo bategetsi bashasha bagafata ingingo zibereye zo kurwanya igiturire no gutunganya neza ibikorwa vya leta, babifashijwemwo n’abahinga.

ความคิดเห็น • 9

  • @AbassiAlaba-vi7tc
    @AbassiAlaba-vi7tc 22 วันที่ผ่านมา +6

    Umukuru w' igihugu natange imihoho vyamunaniye

  • @JosephSikogukira
    @JosephSikogukira 22 วันที่ผ่านมา +2

    Ingingo zikomeye zifatwa na nde ga Bwana Faustin ?

  • @emilebihibindi5822
    @emilebihibindi5822 21 วันที่ผ่านมา +1

    Leta yo kwegura aho ibintu bigeze biteye ubwoba iyo bipfuye hejuru noha6 birapfa

  • @charlessadoc2203
    @charlessadoc2203 21 วันที่ผ่านมา +1

    Ariko ubutegetsi bwanyu burarwaye none nimba bimeze uko kuberiki abatware buburundi badashobora kweguza Neva nimba ntantumbero iharo yoguteza imbere igihugu

  • @user-gw1kg4wy6r
    @user-gw1kg4wy6r 20 วันที่ผ่านมา

    Tekana mwana wamama ntagiturire kizova mubundinayivyigitoro vyo twaravyibagiye

  • @SabuwukunzeTerase
    @SabuwukunzeTerase 21 วันที่ผ่านมา

    Uvuze ukuri mutama nahindure abatware

  • @manasseninteretse8510
    @manasseninteretse8510 20 วันที่ผ่านมา

    Nahinfure inzego nkurunkuru ahimdure ninzego za obr ahagarike na marche noir kuko naho ibintu biriko birahapfira cane, ubu ivyasara ntibakija kurangura inrya zabuze mugihugu idolalle rivunzwa 2000 muri bank Marche noir rikavunzwa 6000 ubu rero abobategeci bakuru basigaye Baja mumabank bakaka amadaralle ngo bagiye kurangura bayabaha bagaca bayajana muri Marche noir bagaca bunguka umurengera ataco binjije nakimwe aho bakaba bariko bahorora twe batobato, igihugu kirayumbishijwe nimihimbiri imwimwe ngo anabategeci ngobariko bakorera igihugu, icombona nahindagure inzego abarihejuru abakorore aduze bashasha, kuva 2015 imisore twomukera mumahanga ngo tugiye kurondera kubera iwacu vyase ubu imisore yose yahereye hanze uwushiceyo akiruhuca😢 Mana dufashe uduhindurire igihugu cacu

  • @bestjo2003
    @bestjo2003 22 วันที่ผ่านมา +1

    🫤🙄