UGUKÛNDĪSHA UBURǓNDI 22. P. NTĀFÁTIRO ASÁBIRA ABARǓNDI B’ÍSHWI RYĀ CANADA UMUGISHA W’2024. IMÂNA 15.
ฝัง
- เผยแพร่เมื่อ 18 พ.ย. 2024
- Mu bisagara vya Gatineau-Ottawa (GO), Abarundi bagurikiye mw'Ihwaniro ry'Abarundi baba muri Canada (Communauté burundaise du Canada Inc., Villes de Gatineau-Ottawa) barafise umuco n'akaranga ko guhurira hamwe ngo baherekezanye umwaka (2023) bongere basanganirane uwundi (2024). Muri iryo koraniro barafata, umwanya ukwiye wo gusenga. Uno mwaka 2023-2024, hari haramukiwe Igisabisho ca Ekleziya gatolika. Ni kwo guca basaba Ntafatiro Patrice ko yorongora ukwo kwambaza no gukengurukira Imana.
Ni ico gisabisho n'imigirwa yabaye ico gihe ngira ndagusangize ngo wirabire.
Ko hariho Abarundi batumva ikirundi, ico gisabisho caremeshejwe mu rurimi rw'igifaransa. Yamara n'Ikirundi c'Abarundi ntticabuze kuronka ikibanza cikwiye. Ni aho Ntfatiro yaciye avuga ko mu Kirundi c'Abarundi, « Iesus» ni « MÂNIRAKIZA » ; « Kristos » na we akitwa « MUSIGIRIZWA». Yamara uwo Musigirizwa arakomeye kuko ayo mavuta yasizwe ni ayo gutagatifuza igihugu c'Imana no gukura ibicumuro vy'Abantu.
Gwira.
Mwubahwe cane. Ni vyiza cane . Allez de l'avant toujours
C'est un bon rite que voùs avez fait. J'en suis fier.